NDABARAMUKIJE AHO MURI
MWESE .
Barundi , Barundikazi,
bene wacu ,ndabaramukije ndabipfuriza amahoro y ‘imana hagati
yanyu . Ndi n ‘iteka ntangere naraye ntewe
ryo kugenwa ngo nserukire AEBC , uwo nawo ukaba ar’umugwi
uhurikiyemwo abanyeshure bose
b’abarundi biga hano mugihugu
c’ubushinois ( Association des
Etudiants Burundais de
Chine ) . Nkaba nari mfashe kano kanya
rero ngo
ngaragaze umunezero mfise .
Ubwambere
nambere nashaka gushimira cane bivuye
k’umutima umushingantahe Pascal
Mpawenayo yahoro arongoye
association ,
k’ukungene yitanze ijoro
n’umutaga , kw’ineza y’
association , yama ahimbarwa
no kubona abarundi bose aho
bari atakibubakiye . Ico nomusaba nukwama hafi ,
akamfata mumugongo twe nabo tugiye gufashanya muri ano mabanga
(nkaba nabone mboneyeho akanya ko kubakeza ). Nkaba nda
mwipfurije kuroranigwa muri vyose , imana imuje
imbere mumigambi yiwe .
Barundi bene
wacu ,icatumye niyemeza gukora kino gikorgwa
, n’umutima
w’urukundo ngufitiye (
wewe murundi uriko usoma rino
kete muri uno mwanya ,nkaba nda na gushimiye kuri ako
kanya umpaye ko kurisoma ) ,
umutima wo kwumva ko nokwita muziko ngacika
amakara , muga nkumva ko wewe murundi aho
uri Tianjin , Nanjing , wuhan , Beijing, Jiamusi
, Changchun,Shenyang
,jinan,wuxi,Changsha,guanxi,Chengdu,Hangzhou,kuming ,hunan ..
murundi wese aho uri m’ubushinois eka no
kwisi yose ufise amahoro , utekaniwe
.
Nkumva ni pfuza ko
twohura, tukaganira , tukamenyana
, tukaganira ivya hariya
iwacu , tugashobora kugira umuryango narirya turi kure
y’abiwacu . Ico ninaco gikorwa nyamukuru
association ishira imbere . Tugafatana munda mutugorane
tw’imisi yose ,tugasangira akabisi n’agahiye
. Nkaba nzi neza
ko ata inabi
nimwe yoshikira
umurundi canke ikaba hagati
y’abarundi yoreka gukizwa n’ineza iri hagati
y’abarundi hano m’ubushinois eka no kwisi yose na cane
cane iburundi iwacu .
Kiretse
ubumenyi dukura mwishure ,ubushinois n’igihugu ,tugiye hamwe
tuga hana hana ivy’iyumviro, twosumamwo ubundi bumenyi
.Abashinois barakenye cane mumyaka iheze , baricwa n’inzara ,
Mao Zedung ( yaharaniye ukwikukira kw’abashinois ) aca abwira
umushinois aho ari hose ko ahuye na mugenziwe , imbere yo gukora
icarico cose ategerezwa kumubaza ko yaronse ico afungura . Musanzwe
mubizi ko ijambo 你吃饭了吗
? bakunda kuribazanya
hagati yabo eka na twebwe .None murabona aho bashitse .Aha tukaba
twohakura icigwa co gufatana munda , ivyo navyo tukaba
tuzobishikako atagukekeranya hamwe twese
twitanze atawusigaye inyuma .
Barundi bene
mama ,Nkaba ndabasaba nti muze tuje hamwe ndushire inguvu hamwe ,
tugendere ubuntu aho turi hose .ubwo buntu nabwo
bukaba bugizwe no gushira imbere : imana , iteka ,ubupfasoni
,ubutungane,ubuvyeyi . Umwumwe wese
y’ubake ubuzima bwiwe , mugutangura gufasha mugenziwe kwubaka
ubwiwe . Urukundo
s’icamwa gihiye umuntu
yamura , kiravundikwa kikabona gusha , n’ishugwe riterwa ,
rikavomerwa, rikabagagwa . le Bonheur est plus dans le don
que dans la reception . Nanje kubaha umutima wanje ngiye kubigira
igikorwa nyamukuru muri ano mabanga muheruka kunshikiriza
.
Umuvyeyi
wacu (uburundi ) butubwira buti :
Amahoro bane banje ,
murakomeye aho muri ?
Haheze iminsi itari mike mugiye iyo mumahanga ,
si numva ukuntu nogaragaza umunezero mfise ,ni
yumviye ko muzogaruka mwarateye imbere
muvyiyumviro ,mwararahuye ubwenge , buzobafasha
guteza imbere bene wanyu na cane cane kurera batoyi banyu mwasize
hano . Ikindi kinezera ni urukundo
mudahengeshanya kumpa , mumpaya iyo
mumakungu . ivyo vyose
binyereka ko nzoryoherwa
hamwe n’abandi bavyeyi , nk’ishima, nk’ishimiriza
kubona mfise imisore n’inkumi nkamwe .
Bibondo ,bamwe bamwe mumaze igihe hiyo , bamwe
bashasha nabone narumvise ko bashitse
amahoro ,aho nkaba nshimira AEBC kukugene
yabakiye . Ndagerageza kwiyungunganya naho
inguvu atari nyinshi cane , muga nibutse ko
ndabafise ndanezerwa, nkumva nuzuye inguvu n’umunezero .Maze
iminsi ariko ntasinzira , hari ibihimba bimwe bimwe
vy’umubiri biriko birampemukira . Ariko
bizogenda neza , niyo mwakorana , mwe bakuru, mukicara na batoya
banyu ,mukanzanira agati . Murazi ko imitwe ikora ikoranye , kandi
ngo tubiri tuvurana ubupfu .
Ntihagire
ikizobateranya bane . Mumenye ko ikintunze ar’urukundo rwanyu
. Ndaryoherwa cane numvise ingene mwigenza hiyo,
ivyo bimpa icizere ko nanje umunsi ur’izina nzoyagwa
mumakungu ,bahaya ubwiza bwanje
.
ico nobasaba ni gufatana munda .
H’iyo narumvise ko ibirere atari
vyiza nkaha iwacu . Abo mubumanuko bashuhiwe
gose , abo mubu burengero bakanye gose , muvugane muhurire hagati
ho hadakanye kandi hadashushe ( ntanyagupfa nta
nyagukira )mwese mwavuye munda yanje .
Mwicare
murime urukundo niwo muti uzonkiza . Mushire imbere ibikogwa ,kuko
harya imana iha uwurondeye . muzotahe ,mushire
mumashure batoya banyu , muze murwanye ubukene ,
mubere akarorero abandi . mwame mushira imbere
imigenzo myiza , akaranga kanyu . ….
Bane
banje mfise vyinshi nashaka kubabwira , ariko reka ngeze aha ,
ndabahe umwanya wo gukora ica bajanye .
Narumvise ko bitoroshe gose ariko nukugira
ishaka . Ndabakumbuye cane nkaba nibaza ko
muzoza kundamutsa vuba . Imana ibane namwe
. Yari umuvyeyi
wanyu BURUNDI .
Kubwanje nanj,Nkaba
nteye akamo umurundi wese aho ari
m’ubushinois ,nti karibu muri AEBC , uze
tube maso ,tuzigame akaranga kacu ,tugendere ubushingantahe
,tubushigikire ,dukundane tugendere umwumvikano . Hagize umwiza
mubeza ba AEBC agira ingorane
,dusidukane n’iyonka ,twese icarimwe
,tugenda turirimba duti ingo tumurerure ari n’abiwabo ,kuko
harya incuti
irahumuriza.
Muze
muri AEBC aho bagendane batagenzanya , dusangire
dushira hamwe ,dusenyere k’umugozi umwe, niho tuzamana iteka
n’ibanga bizodutuma tudahemuka mubantu ,tuyagwe neza
mubavyeyi .Aho aciye ,umunywanyi wese wa AEBC ayage ahayagiza
mugenziwe ati ndamuzi twasangiye ijambo, dusangira uburaro
n’uburamuko . umunywanyi wese yame arangwa n’umutima
,yame ayagwa mubantu bose . Muze turangwe n’ibikorwa
bizoduteza imbere hamwe n’igihugu cacu . kaze muri AEBC ,
dushire hamwe na bene wacu , dukunde ubumwe .
Uko amakungu yose ,azoheza ahayagize ubwiza
twamanye hamwe n’igihugu cacu kuva nakera
narindi ,bavuga
bati EGO NIKO UBURUNDI N’UMUTIMA
W’AFRICA .
Nkaba
nashaka kurangiza nshimira
uwo wese adahengeshanya kwitanga kuneza ya AEBC
. Nshimira n’abaserukira umuvyeyi wacu
aribwo Burundi aha m’ubushinois kudahengeshanya gushigikira
imigambi n’imigabo ya AEBC .
Abari mubibazo
nti bonne chance ,abiga ururimi nti gira ishaka , n’inguvu .
Bavuga ngo : celui qui a
perdu la richesse n’a rien perdu , celui qui a perdu la sante
a quand meme perdu quelque chose , mais celui qui a perdu le
courage a tout perdu .
Murakoze cane
Imana ibane namwe .
AIME
NSAVYIMANA
Coordinateur
de la AEBC .
Etudiant en
Département
d’Architecture
Tianjin
University
Tel : 15122443089
E-mail :
nsaaime85@yahoo.fr
Commentaires